Urwanda rurshaka ko Uburusiya bwosinya ‘vuba bishoboka’ uguhana ibigwansiho bikomeye.

0

Mu gihe mu gihe cahera umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Uburusiya,, Sergei Lavrov, yari yaganiriye n’igihugu c’Urwanda ko hoba ukugurisha ibigwansho vyo kwikigira mukirre ku gihugu c’Urwanda, uwuserukira Urwanda mu Burusiya yamenyesheje ko nyabuna ‘Uburusiya bwosinya vuba bishoboka uguhana ivyo bigwansiho biva mu Burusiya bikaza mu Rwanda’.

Bikamenywa ko n’Uburundi bubicishije ku mushikiranganji wo kwivuna abansi bwagaragaje icipfuzo co kugura ivyo bigwansdiho bikomeye biva mu Burusiya.

Uwuserukira Urwanda mu Burusiya,Jeanne d’Arc Mujawamariya, yamenyesheje ikinyamakuru co mu Burusiya, Sputnik,gutya: “Hakwiyye kuba amasezerano hagati y’Urwanda n’Uburusiya ku bijanye n’ibigwanisho vyo gukinga ikirere…ndizeye ko vuba cane bishoboka ko ibigwanisho vyo mu kirere( air defense) bizosinywa hagati y’ibihugu bibiri…Nah’igihugu c’Uburusiya gukora…turindiriye ico bagenzacu [bo mu Burusiya] bavuga”.

Mujawamariya yamanyesheje ko Urwanda rukenyeye cane ivyo bikoresho.”Igihamabaye ni umurekano wacu w’ikirere.Turabikenye, kandi Uburusiya burafise ububasha muri ivyo”, niko yamanyeheje.

Soma kandi: “Uburundi Burashaka kugura ibigwanisho bikomeye mu Burusiya

None ko ibihugu bibiri bidahuza vyose bishaka kurondera ibigwansho vya rutura biva mu gihugu kimwe arico Uburusiya, bishaka gushika kuki?mbe ninde azotangura kubitahira?Ikizwi coco n’uko Leta Zunze Ubmwe za Amerika zikunze kuzibira cane igurishwa ry’ibigwanisho vy’Uburusiya ku bihgu bimwe bimwe.