Kuva ku wa 1 Rusama 2018 haratanguye ku mugaragaro isekeza ryo guhamagarira abanywanyi b’imigambwe gutora “Ego” canke “Oya”. Imigmabwe cane cane CNDD-FDD, FNL ya Rwasa Agathon na FRODEBU ya Leonce Ngendakumana ikaba ariyo iboneka cane.

Umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ukaba wuguruye ivyo birori mu ntara ya Ngozi mu guhamagarira abanyagihugu bawo gutora “EGO” muri iryo bwirizwa shingiro.
SE @pnkurunziza exhorte les Bagumyabanga à transcender toute sorte de division afin de préserver la paix, à servir d'exemples en vivant en parfaite harmonie. Il a rappelé que le temps était venu pour les #burundi-ais de se choisir un destin, en votant OUI au référendum. #ToraEgo! pic.twitter.com/H2ybJUvNcu
— Imbonerakure (@cnddfddyouth) May 2, 2018
Umugambwe FRODEBU wa Leonce Ngendakumana wowo uhamagarira abanyagihugu gutora “OYA” muri ayo matora yo ku wa 17 Rusama 2018. FRODEBU iti: “Ibituma umugambwe Sahwanya-Frodebu uzotora “Oya”: kugira dukingire amasezerano ya arusha n’ibwirizwa shingiro riyakomokako twirinde gusubira mw’ihumbi”.
IBITUMA UMUGAMBWE SAHWANYA-FRODEBU UZOTORA "OYA": KUGIRA DUKINGIRE AMASEZERANO YA ARUSHA N'IBWIRIZWA SHINGIRO RIYAKOMOKAKO TWIRINDE GUSUBIRA MW’IHUMBI. pic.twitter.com/UgMcaIYMXy
— Sahwanya-FRODEBU (@SahwanyaFRODEBU) May 2, 2018
Urunani Amizero y’Abarundi narwo ruhamagarira abarundi gutora “Oya” muri ayo matora. Rwasa Agathon asa nuwuruserukira yamenyesheje i Ngozi kwiyugurwa ry’isekeza ko ‘we ubwiwe ariho akironka iryo bwirizwa shingiro rishasha, ko ryakorewe mu kinyegero kandi ko abariteguye batarihaye abashingamateka bose ngo baryigeko‘.
Lors de l’ouverture de la campagne pour le #Referendum2018 au #Burundi, Agathon Rwasa affirme : "La nouvelle Constitution a été préparée en cachette, moi-même ne l'ai reçue qu'avant hier. Aucun des 5 ministres issus d'Amizero n'a été autorisé d'aller l’expliquer à la population" pic.twitter.com/24X71d8ql0
— Ikiriho (@Ikiriho) May 2, 2018
#Burundi Arrivée du leader de la coalition Amizero y'Abarundi Agathon Rwasa au stade de Muremera à #Ngozi pour lancer la campagne du "non" au #Referendum2018 pic.twitter.com/SkVmTRXa0H
— Ikiriho (@Ikiriho) May 2, 2018





Recent Comments