NEWS

Umugambwe uri ku butegetsi watanguye kugaragaza ibimenyestso ko atacitezwe kuva mu biganiro bihuza Abarundi vyimirije.

on

Umugambwe uri ku butegetsi watanguye kugaragaza ibimenyestso ko ata citezwe kuva mu biganiro bihuza Abarundi vyimirije kubera i Arusha muri Tanzania vyitezwe gutangura ejo ku musi wa gatatu igenekerezo rya 24 Gitugutu 2018.

Ivyo vyashizwe ahabona n’agashavu kagaragajwe n’umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye, aho yerekanye ko adashima ukuntu umufasha mu biganiro bihuza Abarundi,Benjamnin Mkapa, ariko akorana ibiganiro n’amashirahamwe ategamiye ubutegetsi’.

Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ati: “I Arusha, amashirahamwe ategamiye Leta yegereye cane abatavuga rumwe na leta bari mu biganiro n’umugwi w’ibiro vy’umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi….[ivyo biganiro bikaba vyabaye ejo kuwa mbere]”.

Evariste yabandanije ati:”….Ivyo biganiro bikaba bihagaze ku bijanye n’amatora ya 2020 hatarimwo imigambwe ya politike mu Burundi…mbege ayo mashirahamwe arafise umukandida wo mu matora ya 2020?“, niko Ndayishimiye yibajije.

Ayo mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya pilitike akaba abonwa na Leta y’Uburundi ko yegereye cane abatavuga rumwe na leta bari hanze y’igihugu( opposition radicale).

Bikamenywa kandi ko hasanzwe hari mu Burundi amashirahamwe asanzwe yegereye ubutegetsi bw’Uburundi hamwe nayandi yegamiye abatavuga rumwe na leta.

Mukamenya kandi ko amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yasavye Benjamin Mkapa ko bogira uruhara mu biganiro vyose bizoba bihuza Abarundi ku ncuro ya gatabu vyitezwe gutangura ejo ku wa 24 Gitugutu 2018.

Recommended for you