Uburundi bubandanya bubuza igurishwa ry’ibidandazwa mu Rwanda.

0

Inyuma y’aho imigenderanire mibi ibandanirije kuba mibi hagati y’Uburund n’Urwanda, ivyo bihugu uko ari bibiri bifise imigenderanire mibi cane ibandanya kwunyuka.

Umukuru w’igihugu, biciye ku muvugizi wiwe, Jean Claude Karerwa, yamenyesheje ko ibidandazwa ry’ibifungurwa bija mu rwanda bibujijwe.

Leta y’Uburundi ibandanya yagiriza Urwanda gukora ibikorwa vyo guhungabanya Uburundi kuva mu mwaka wa 2015.

Kubera ukwo kuntu Urwanda rwagirizwa, umukuru w’igihugu c’Uburundi yamenyesheje ko abarundi bogaba, na cane cane ku mipaka y’Uburundi n’Urwanda,abajejwe intwaro bagafata iyambere muri co gikorwa.

Ku bijanye n’ibifungurwa bishorwa mu Rwanda biva mu Burundi, Karerwa yamenyesheje ko Abarundi bokwikingira bakareka kubishora mu Rwanda, na cane cane ko kubera ‘Urwanda rutunzwe cane cane n’ibifungurwa biva mu Burundi’,nk’uko Karerwa yabandanije kubimenyesha.