Yafashwe ariko afata amasanamu y’imodoka yunguruza umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

0

DAVID NINGANZA, umwe mu ndongozi z’ishirahamwe SOJEPAE (Solidarité de la jeunesse Chrétienne pour la Paix et l’Enfance) ryitaho ineza y’abana apfungiwe mu gasho ka komine Muramvya kuva kuri uwu w’Imana.

NINGANZA David asanzwe ari umuvugizi wa SOJEPAE yafashwe ari kumwe n’abandi bantu babiri bariko biyunguruza mu muduga wo mu bwoko bwa Probox, bakaba bari bageze mu ntara ya Muramvya.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko yafashwe mu gihe yariko afata amasanamu y’imodoka yari ireruye umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Mw’ishirahamwe SOJEPAE baremeza ayo makuru y’ipfungwa rya David NINGANZA, ariko bakamenyesha ko iryo fatwa ryiwe ata sano rifitaniye n’akazi asanzwe akora ko guharanira ineza y’abana.

Muri SOJEPAE basaba ko amatohoza yokorwa, basanze ata ntumbero mbi yari afise mu gufata ayo masanamu, arekurwe.