NEWS

Ibihangange muri CNDD-FDD bihiganirwa kuja mu kibanza ca Petero Nkurunziza.

on

Ubu hasigaye hafi imyaka ibiri ngo amatora ya 2020 abe, ibintu vyatanguye gushuha mu mugambwe uri kubutegetsi ariwo CNDD-FDD. Haba mu mugabwe uri ku butegetsi canke mubatavuga rumwe na leta, hose vyatanguye gushuha haronderwa uwuzoserukira abandi mu matora ya 2020 aboneka ko akwije ibisabwa.

Ku bw’umugambwe uri ku butegetsi, ibintu ntivyoroshe na gato. Inyuma yaho ibihangange bimwe bimwe muri uyo mugambwe vyumviye ko Shebuja wabo Petro Nkurunziza atazokwitoza mu mwaka wa 2020( ivyo bamwe bamwe batashimye na gato muri uyo mugambwe), ubu ibihangange bitari bike muri CNDD-FDD vyatanguye kwishira ahabona ko bitegerezwe kuja mu kibanza Petero Nurunziza arimwo co kuyobora igihugu.

Mu mazina y’ibihangange bishaka gusubirira Petero Nkurunza amaze kuja ahabona ni cane ibihangane mu vya gisirikare. Bamwe muri bo nabo akaba ari:

1)Uwusanzwe ari umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD, Generali Evariste NDAYISHIMIYE;
2)Umukuru w’Inama Nkuru y’umutekano y’igihugu, generali Silas NTIGURIRWA;
3) Umushikiranganji w’umutekano, Alain Guillaume Bunyoni;
4)Uwusanzwe arongoye iperereza ry’Uburundi, ariwe Etienne NTAKARUTIMANA;
5)Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, ariwe Denise BUCUMI.

Isoko ry’iyi nkuru rikamenyesha kandi ko muri CNDD-FDD, hari n’abandi bategetsi bo ku rwego rwo hejuru muri CNDD-FDD bahabwa amahirwe menshi yo kuja mu kibanza ca Petero Nkurunziza. Aho twovuga nka Edouard NDUWIMNA, umuhuza w’Abarundi hamwe n’uwusanzwe atwara INSS ariwe Emmanuel MIBURO.

Bikaba vyitezwe ko uwuzoja mu kibanza Petero Nkurunziza mu mwaka wa 2020 azotorwa mw’ikoraniro kaminuza rizogirwa na CNDD-FDD. Ariko rero uko bigaragara kuri ivyo bihangange, biragaragara ko bitagiye kuzokworoha na gato ku mukandida azotangwa muri CNDD-FDD.

Recommended for you