NEWS

Agathon Rwasa amenyesha ko azokwitoza mu 2020, mwe mubona afise amahirwe?

on

Umushingamateka Agathon Rwasa yaraye atangaje ko azokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu mu matora y’umukuru w’igihugu c’Uburundi ategekanijwe kuba mu mwaka wa 2020.

Ariko naho yamenyesheje ivyo vyo kwitoza mu 2020, umugambwe wiwe mushasha yasavye muri leta ko yowuhabwa nubu ntarawuronswa.

None ubwo azowuronswa koko? Ni kurindira kuko ubutegetsi bwamusavye ko yokwiza ibisabwa binaka hama ahabwe uyo muganbwe yasavye.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko Rwasa Agathon afise amahirwe meshi cane yo gutahukana intsinzi mu matora ya 2020(mu gihe yoba mu kuri no mu muco wose) kubera ko uwo bahiganwa Abanyagihugu bazi cane, Nkurunziza Pierre, atazoba yitoje nk’uko yavyiyemereye.

Recommended for you