Woba wibaza ko Gitega izoba umurwa mukuru wa Politike kandi ata kibuga c’Indege kihari?

0

Leta y’Uburundi yarafashe ingingo yari yahozwe yiyumvirwa kuva kera cane mu myaka ya 2007 yo kugira intara ya Gitega umurwa mukuru wa politike w’Uburundi.

Ariko rero, bamwe bamwe baca bibaza iki kibazo: “Ubwo intara Gitega izoba umurwa mukuru wa Politike w’Uburundi kandi ata kibuga c’Indege kihari”? “Mbega hoho ingenzi zorinda gushikira i Bujumbura hama zikabona kuja i Gitega n’imodoka?

Ico kibazo umukuru w’igihugu c’Uburundi, Pierre Nkurunziza yaracishuye mu kiganiro yaremesheje ejo ku musi wa gatanu itariki 28 Kigarama 2018 mu ntara ya Ngozi.

Abajijwe ico kibazo ko intara Gitega izoba umurwa mukuru wa Politike w’Uburundi kandi ata kibuga c’indege ifise, Petero Nkurunziza yishuye ko ‘hari umugambi wo kwubaka ico kibuga c’indege mpuzamakungu muri iyo ntara’.

Nkurunziza yamenyesheje ko ‘umugambi wo kwubaka ikibuga c’indege muri komine ya Bugendana mu ntara ya Gitega utarahagarara, kandi ko hakirindiriwe uburyo bukwiye kugira ico kibuga c’indege cubakwe aho i Bugendana.

Intara ya Gitega igiye kuba umurwa mukuru wa politike w’Uburundi kuva mu mwaka uza wa 2019 aho hitezwe ko hazokwimuka ubushikiranganji bw’indero kugira abarondera ibijanye n’Ubwo bushikiranganji boroherezwe.