Petero NKURUNZIZA yavuze iki ku kwitoza kwiwe mu 2020?

0

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yakuriye inkoni ku gishitsi abantu bahora biyumvira ko ariwe azogaruka kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu mwaka w’2020.

Inyuma y’ugushikiriza ari i Bugendana mu ntara ya Gitega, muri Ruheshi 2018, ko atazokwitoza mu matora azoba mu 2020, bamwe n’abandi bagumye biyumvira ko ashobora kwitoza, kuko n’ibwirizwa shingiro rishasha ribimwemerera.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru cabereye mu ntara ya Ngozi kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 28 Kigarama 2018, twashatse kumenya aho uwo arongoye Uburundi ahagaze, namba akiri kuvyo yashikirije Abarundi. Ikibazo cari ico kumenya ko mu gihe inama nkuru y’umugambwe yomusaba gusubira kwitoza yovyemera, canke ko azoguma kw’ijambo yashikirije.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yishuye ati : Babibasavye, gusaba ni kimwe, kuzirikana ni ikindi kintu. Emwe niyo boza bakirirwa barahamiriza imbere y’inzu iwanje n’umwaka wose ugahera, naravuze ijambo sinzorivako kuko irya ngingo navuze si ingingo nagishije inama umugambwe w’iwacu, eka da. Ni ingingo nafashe kuko nzirikana igihugu canje, nkazirikana n’ico ndi, n’ico mbwirizwa gukorera igihugu canje. Nta mugambwe uhadikiriza abantu ku nguvu ngo uraza bagapfa kuguha ngo uraje. Ekaaa. Jewe nabashikirije hakiri kare, mwebwe ntavyo mwansavye. Jewe ndasenga Imana, nkumva ico Imana ivuga, nkumva umutima wanje, nkarimbura igihugu canje aho ndakigejeje, aho tugeze, nkaraba aho tuva, aho tugeze n’ingingo ibereye, kandi twaravuze ko ari umwaka w’ugufata ingingo. Udafashe ingingo uri umukuru w’igihugu, ari ingingo ibereye umukuru w’igihugu nyene, uzofata ingingo y’umukuru w’umutumba? Irya niyo ngingo ibereye umukuru w’igihugu nyene. Ni irya nyene, ntimurondeze ibindi rero. Nzoguma mu mugambwe, ndawukorere, warankujije, urandera, urandamura, nanje nshaka turamure abandi mu kubafata mu mugongo. Umugambwe uragutse urimwo abagabo b’ijunja n’ijambo, tuzokwama dukora dusenyera ku mugozi umwe, ntimugire impungenge, Petero NKURUNZIZA siwe mukuru w’igihugu wenyene yotwara Uburundi n’abandi bariho bazodufasha, bakanadusumvya. Nivyo nipfuza.