UBM News ads

‘Itariki ya 31 Kigarama yahawe amashirahamwe mvamakungu ni ntabanduka’

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu kiganiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi,Pierre NKURUNZIZA, yaremesheje mu ntara y Ngozi, yagarutse ku kibazoc’mashirahamwe mvamakungu yahwe ikiringo co kwisunga amategeko y’igihugu, atari uko naho azinge ibirago ku wa 31 kigarama 2018.

Kuri iyo sango, Nkurunziza yamenyesheje ko ico kiringo cahawe amashirahamwe mpuzamakungu ari ‘ntabanduka’

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yongeyeko ko ikiringo cahawe amashirahamwe mpuzamakungu kugira yitunganye mu kwisunga ibwirizwa rishasha riyagenga ari ntabanduka.

Ico kiringo gishitse amashirahamwe amaze kwitunganya niyo azokwemererwa gukora ayandi nayo azinge ibirago. Gusa iyo sango umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ishobora kwigizwa inyuma mu gihe gusa ayo mashirahamwe mvamakungu yosaba ko yokwongerwa ikindi kiringo kugira yitunganye.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga ko mu gihe amashirahamwe mpuzamakungu atokubahiriza amategeko y’igihugu ari ubukoroni bwoba buriko burabandanya kandi ayo mashirahamwe atari reta mu yindi igihugu ari igihugu ayo mashirahamwe nayo akaba amashirahamwe.

Kubijanye n’ingaruka yoshobora kubaho amwe murayo mashirahamwe atariko arokorera mu gihugu,umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga ko ata gihugu catejwe imbere n’amashirahamwe mpuzamakungu ariko igihugu gitezwa imbere n’abaco.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yavuze ati :«Nta gihugu catejwe imbere n’amashirahamwe mpuzamakungu igihugu gitezwa imbere n’abaco,ayo mashirahamwe aterera kuvyo yasabwe.»


Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga kandi ko gushika ubu hamaze kwiyandikisha amashirahamwe 70 kandi hari amashirahamwe basanze atazwi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe no bushikiranganji bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments