WhatsApp ngo ‘yaratwaye abaganga’ mu bitaro Roi Khaled

0

Mw’itangazo ryasohowe ejo n’ubuyobozi bw’ibitaro Roi Khaled vyo mu Kamenge mu gisagara ca Bujumbura, hamenyeshejwe abo bose bakorera muri ivyo bitaro kwirinda ‘whatsApp’ nk’ikiza canke bibonereko.

Muri iryo tangazo hamenyeshwa ko abaganga, abakora stage mbere n’abanyeshure bahigira usanga ‘batwawe cane na Telefoen zabo bita Smartphones za Android’ maze bakibagira ibanga bajejwe ryo kwitaho abarwayi babitura.

Abo baganga bakorera muri ivyo bitato bakaba gusa bemerewe gukoresha amatelefone ‘atarimwo WhatsApp’, atari ama smartphones kugira biteho abarwayi.

Mu bihano bategekanya kuri abo bose bazofatwa ni ukwakwa iyo telefone irimwo ‘WhatsApp’ maze bakongera bagahanwa n’amategeko.

Bikaba bizwi cane ko ivyo bitaro vya leta arivyo Roi Khaled vyidogerwa n’abatari bake na cane cane abakenyezi bagiyeyo kwibaruka ukuntu bafatwa nabi hamwe n’abandi barwayi basanzwe.

Soma hano iryo tangazo: