13 barishwe hamwe n’umupolisi muri Bujumbura Rural

0

Abantu 13 na batatu ‘bibisha inkoho’ hamwe n’umupolisi nibo bishwe ku musi wa mungu mu ntara ya Bujumbura benshi bita Bujumbura rural.

Amakuru dukesha AFP atubwira ko abo ‘basuma bibisha inkoho’ batanye mu mitwe n’abajejwe umutekano muri Bujumbura rural.

AFP imennyeshwa ko ‘abasuma bibisha inkoho baje bava muri komine Nyabiraba bateye muri komine ye Mutambu maze abanyagihugu n’abajejwe umutekan baba babiteguriye’, nk’uko musitanteri wa Mutambu yabwiye AFP.

Musitanteri abandanya amenyesha ko hatowe ibiziga vy’abo bateye bishika kuri 13, hama umupolisi w’igihugu arapfa, hama uwateye umwe arafatwa, hama umusivile n’umupolisi barakomereka cane.

Musitanteri akameneysha ko mu bataye ata numwe yamenyekanye kugira amatihoza akorwe.

Ijambo ‘abasuma bibisha inkoho’ rirakoreshwa kuri abo bose bafashe ibirwanisho kugira barwanye intwaro ya CNDD-FDD kuva mu mwaka wa 2015.

https://twitter.com/Umuvugakuri/status/1232161754974695425?s=20