Umukenyezi wa Evariste Ndayishimiye yiyitirira ‘igitangaro kiva ku Mana’

0

Amafoto y’Umukenyezi wa Evariste Ndayishimiye, Angeline Ndayubaha, yiyitirira ‘igitangaro kiva ku mana’ ariko atuma abatari bake bagira bayavuzeko ku rubuga ngurukana bumenyi rwa Twitter.

Ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Angeline Ndayubaha, umukenyezi wa Evariste Ndayisihimiye(uwashizwe imbere kugira ahiganirwe kuba umukandida wa CNDD-FDD mu matora y’umukuru w’igihugu) yashizeko amafoto yerekana aho yari ari mu Gihugu c’Ubutaliyano utunuma(colombes) zamuguyeko zimuhundariye.

Maze Angeline Ndayubaha aca amenyesha ko izo numa kubona zamuguyeko ari ‘igitangaro kiva ku mana’.

Ayo majambo ya Angeline Ndayubaha, uwuhabwa amahirwe menshi yo kuba Premiere dame canke First Lady mu misi mike iri imbere yatumye beshi bamera nk’abamutwengera mw’ijigo.

Bamwe bamwe bakaba babeshuza ico yise ngo n”igitangaro kiva ku mana’ kubera ko ico kibanza mu Butaliyano umuntu uwo ariwe wese ahaciye izo numa zica zimgwako zikamuhundarira’ atari Angeline Ndayubaha gusa zaguyeko ari irya mbere.

Abandi nabo bakamuvuga ko ariko yikanga kare kuba ‘umutambukanyi w’umukuru w’igihugu’ hakiri kare gose, ko amatora ashobora kuba hama umugabo wiwe agatsindwa.

https://twitter.com/pnininahazwe/status/1232766740251205634?s=20

Umuntu umwe kuri Twitter yishuye gutya: ‘Sizo zaje zigusanga aho uri, ahubwo wazinjiyemwo hagati aho zari ziri. Kandi uwubishatse wese ziramwuzurako”.

Ariko abandi nabo barakeza uwo ‘Mutambukanyi w’umukuru w’igihugu wo muri kazoza’ maze bakamwipfuriza no kuronka ibindi ‘bitangaro bivuye ku mana’.