Uyundi munyamakuru yafunzwe yagirizwa inkuru yakoze

0

Umumenyeshamkuru wa Radio Isanganiro, Blaise Pascal Kaararumiye, yafunzwe yagirizwa inkuru yoba yarakoze ku bijanye n’uko amakoperative Sangwe yakoresheje amafaranga yagenewe.

Uwutwara Radio Isanganiro yamenyesheje BBC ko uwo mumenyeshakuru wa Isanganiro, Blaise Pascal Kararumiye, avuka mu ntara ya Karusi yaraye ijoro ryiwe mu gasho mu ntara ya Karusi mu buraruko bw’Uburundi.

Isanganiro imenyesha ko Kararumiye yari yitavye umutahe wa Buramatari abazwe ku bijanye n’inkuru yakoze ku bijanye n’ikoreshwa ry’amahera ya Koperative Sangwe hama aca arazwa mu gasho kw’itegeko rya Buramatari wa Karusi.

Bikagarara ko inkuru uwo munyamakuru yakoze itashimishije uwo Buramatari wa Karusi maze ahitamwo kumugumiza mu gasho.

Abatari bake bariko bibaza ko cabaye ikiza ku gufunga abanyamakuru mu Burundi inyuma yo gufunga abanyamakuru bane ba Iwacu.

Icegeranyo Inama Nshingamateka ya Buraya yaraye ishize ahabona kirerekana ko mu Burundi habandanya hahonyangwa agateka ka zina mu muntu harimwo no gufunga abanyamakuru kugira ntibashire ahabona ibibi vyoba bikorwa mu Burundi.