Ibobombora bombora mu mugambwe CDP

0

Abanywani bakuru bakuru bashika indwi baratanze imihoho mu mugambwe CDP. Aho ni mu gihe abanywanyi b’uyo muganbwe CDP bari bamaze igihe gito batashe mbere bakemererwa gukorera k’ubutaka bw’Uburundi. Mu kwezi kwa kigarama 2019 naho bakaba baruguruye ingoro yabo muri zone Rohero.

Ico bapfa n’umukuru w’umugambwe CDP Anicet Niyongabo nuko ngo atabahaye ivyo yabemereye. Aha twovuga nk’amahera yo kubaho bari bumvikanye ashika amadolari 2000 ku kwezi mugihe imisi yambere bagitahuka bashikiye mw’ihoteri, inyuma yaho bakaba baciye batwarwa kuba mu ngoro y’umugambwe CDP iraho muri zone Rohero, nahonyene bakaba bahavuye babatahisha ngo basubire mu miryango yabo.

Icuka rero nticari kikimeze neza hagati yabo bagabo bari mu mugambwe CDP mbere bamwe bavuga ko bazoca binjira mu mugambwe FNL urongowe na Jacques Bigirimana. Absigaye mu mugambwe CDP nabo bakavuga ko ahubwo batomboye ko bamwe murabo banywanyi ba CDP ko bagiye ngo kuko bagorana cane basaba amananiza.