Inama Nshingamateka ya Buraya isaba leta y’Uburundi kurekure abanyamakuru ba Iwacu

0

Inama Nshingamateka ya Buraya yaraye isavye leta y’Uburundi ko yorekura mu maguru masha abanyamakuru ba’ikinyamakuru Iwacu bafunzwe bagirizwa gushaka guhungabanaya umutekano w’igihugu c’Uburundi.

Mu vyo Iyo Nama Nshingamateka ya Buraya yashize ahabona harimwo ko mu Burundi habandanya hari uguhonyanaga agateka ka zina muntu hamwe n’yandi mabi, ivyatanguye mu mwaka wa 2015.

Inama Nshingamateka ya Buraya yasohoye icegeranyo ku Burundi ejo aho yavuze ko mu Burundi abategetsi baho bakwiye kwigora bagatsimbataza agateka ka zina muntu muri iyi misi himirije amatora y’umukuru w’igihugu.

Inama Nshingamateka ya Buraya isanga mu Burundi hari uguhahaza abantu na cane cane batavuga rumwe n’umugambwe uri kubutegetsi, ukubima umwidegemvyi mu vya politike, hamwe no kwima abantu umwidegemvyo wo kuvuga.

Inma Nshingamateka ya Buraya yibutsa leta y’Uburundi ko naho ibandanya ihagarika abantu ibima umwidegemvyo ikigengwa na ya masezerano y’agateka ka zina muntu yasinyirwa i Cotonou.

Mwomenya ko leta y’i Gitega yama yiyamirije ivyo vyegeranyo ko atari yo na gato ugereranije n’ivyama bisohokamwo hama hakarabwa n’ibibera mu Burundi.