‘Uwuzohirahira akava muri CNDD-FDD azokwibonerako’, Evariste Ndayishimiye

0

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, aragabisha uwo wese ari mu mugambwe wiwe ariwo CNDD-FDD yohirahira akava muri uyo mugambwe ko ‘azokwibonerako.

Ivyo akaba yabivuze igihe uwo mugambwe wariko uhimbaza umusi mukuru wahariwe umurwanyi canke intwari mu Burundi muri iyi ndwi.

Evariste Ndayishimiye akaba avuga ko abohirahira bakava muri uyo mugambwe ‘bazoribwa n’intambwe’.

“Umugambwe CNDD-FDD washizweho n’abanyagihugu batonya ntiwashizweho n’abategetsi bo hejuru, rero umugambwe wacu urabandanya kubaho,warabonye ko abategetsi bamwe bamwe bagiye barawuvamwo ariko wabandanije ubaho ata kibazo”, niko Ndayishimiye avuga.

Evariste Ndayishimiye akaba yavuze ko adashaka ko hasubira kuba abitwa aba ‘Frondeurs’ ni kuvuga abanywanyi ba CNDD-FDD usanga badafise ivyiyumviro bimwe na ‘benewabo’.

Umusi wahariwe umurwwanyi ukaba watanguye itariki 16 Munyonyo gushika ku wa 21 Munyonyo 2020.