Prezida Ndayishimiye asaba abarundi kwongereza umurindi wo gukora kumusi w’umurwanyi

0

Ivyo yabivugiye ku ngoro nkuru y’umugambwe CNDD-FDD asanzwe akomokamwo aho uwo mugambwe uriko uhimbaza umusi w’umurwanyi. Ico gikorwa kikazomara imisi itanu kuva itariki 16 munyonyo gushika itariki 21 munyonyo 2020.

Prezida Ndayishimiye Evariste arasaba abari mu bisata bitandukanye gukora cane bagatanga akarorero nka kurya bakora bari ku rugamba ico yise itirayeri mu kirimi c’igisirikare. Yarasavye indongozi zari aho kudasaba ibiturire abo barikumwe kurugamba, kwirinda ingendo y’amacakubiri no kutanyuruza itunga ry’’igihugu. Ngo ivyo bikazotuma hubakwa inyubakwa z’akarorero mu ntara zose z’Uburundi mu myaka mike.

Abakozi yabasavye kugabanya amasaha y’akabare no kwijukira ibikorwa. Iyi ndwi ikaba yahariwe kurwanya ubukene. Ariko ibiciro vy’ibifungurwa nk’ibiharage n’ifarini bibandanya biduga ibiciro kw’isoko m’Uburundi.