Umugwizatunga Jean Marie Rurimirije yoba yaraye mw’ibohero rya Mpimba

0

Amakuru ariko aratangwa n’ibimenyeshamakuru bimwe bimwe avuga ko umugwizatunga Jean Marie Rurimirije yoba yaratawe muri yompi akaja ajanwa mw’ibohero rya Mpimba. Ariko igituma yafunzwe ntikiratomoka neza ariko kirahari.

Jean Marie Rurimirije uyo ahereza iburyo kw’iphoto akaba yarabaye umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ku ntwaro y’umuhisi Petero Nkurunziza. Akaba kandi yarumwizigirwa wa Petero Nkurunziza mu vyerekeye amafaranga.

Uwo Jean Marie Rurimirije akaba avuka muri zone Kamenge akaba kandi yaruguruye ibanki yise Mutec. Benshi bakaba bikeka ko ashobora kuba ariko abazwa amafaranga batabona iyo yanyikiye arayo inzahabu ziva muri Congo canke ayandi mahera agendera mu mashakoshi.