Uwuserukira Uburundi mu Bufaransa yakombowe mu mabanga.

0

Umuserukizi w’iguhugu c’Uburundi mu gihugu c’Ubufaransa, Nina Christine Niyonsavye, yakombowe mu mabanga kw’itegeko ry’Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, buyobowe na Ezechiel Nibigira.

Mu rwadiko rwashizwe ahabona, Ezechiel Nibigira akamenyesha ko uwo yaserukira Uburundi Nina Christine Niyonsavye yahamagawe mu Burundi ku bw’ayandi mabanga y”ubuyobozi mu gihugu’.

Ariko rero, abatavuga rumwe na leta bamwe bamwe bakamenyesha ko yakombowe mu mabanga kubera ugusesagura ubutunzi bwa Ambassade mu Bufaransa i Paris.

Nina Christine Niyonsavye akaba kandi avurwa ko abahungu biwe bafashwe bari mu rudandazwa rutemewe n’amategeko rwo gucuruza ibiyayuramutwe.

Nina Christine Niyonsavye akaba yari azwi cane ku kuba yaterana amajambo akaze n’abatavuga rumwe na leta y’Uburundi.

Nina Christine Niyonsavye akaba yari yagenywe kuba umu ambassaderi adasanzwe n’umukuru w’igihugu.