Lac Rweru: Abantu 9 batowe ari ibiziga.

0

Mu buraruko bushira ubuseruko bw’Uburundi na cane cane mu kiyaga Rweru, igice c’Intara ya Muyinga haratowe abantu 9 b’ibiziga kuva ku wa 21 Ruhuhuma 2019.

Abanyagihugu baho mu karere bakaba bamenyesheje ko ivyo biziga vyoba vyiciwe ahandi maze bizanwa gutererwa mu kiyaga Rweru.

Ikinyamakuru ca leta y’Uburundi, Le Renouveau, coco kimenyesha ko ivyo biziga bizanana mu gihugu c’Urwanda.

Ariko rero hari uwokwibaza impamvu abasirikare b’Uburundi badahagarika abazana ivyo biziga biva mu Rwanda hama bakaza ku biterera ku butaka bw’Ubrundi.

Umubano hagati y’Urwanda n’Uburndi si mwiza na gato kuva mu mwaka wa 2015 aho abatwara Urwanda n’Uburundi baguma baterana amajambo ko kimwe muri vyo bihugu bishaka guhungabanya umutekano w’ikindi gihugu.