Itahukanwa ry’abasirikare b’abarundi bari muri Somalia ryoba ryabaye rirahagarikwa

0

Inyuma yaho habereye inama yakoranije abashingamateka n’abakenguzamateka kur’uyu wa kane yiyamiriza itahukanwa ry’abasirikare bangana 1000 bagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya, amakuru dukura mu gihugu ca Somaliya nuku abasirikare 400 b’abarundi aribo bamaze gutahanwa.

Ingingo yo gutahana abandi 600 ikaba yabaye irabangirwa imbere yuku haba amanama hagati y’ibihugu vyajanyeyo abasirikare babo bishika bitanu arivyo Ouganda, Burundi, Kenya, Djiboutie na Ethiopie n’Ubumwe bw’Afrika n’abatanga uburyo.

 

Mwomenya ko Umukuru w’igihugu ca Somalia, Mohamed Abdullahi Mohamed, yagendaye Uburundi kumatariki 18 na 19 ruhuhuma aho ico kibazo caganiriweko cane na mugenzi we Umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Abakenguzamateka n’abashingamateka nabo mu kiganiro cabo co kur’uyu wa kane basavye ko Leta y’Uburundi yo kwandikira Umukuru w’Ubumwe bwa Afrika kugira ahagarike iyo ngingo aho bavuga kw’igikorwa c’abasirikare b’abarundi cabaye ciza ko abarundi bonyene ataribo botahanwa narirya ibikorwa vy’iterabwoba vy’umurwi Al Shabab bicibonekeza. Iryo tahukanwa rikaba ryari ritegekanijwe kurangira kw’igenekerezo rya 28 ruhuhuma 2019.