Uwahoze arongoye Uburundi Pierre Buyoya yaciriwe urubanza rwoguherayo mu munyororo

0

Urwo rubanza rukaba rwashizwe ahabona na sentare ntahinyuzwa. Pierre Buyoya n’abandi cumi nabanu bakaba baciriwe urubanza rwo guherayo mu munyororo, abandi batatu bakaba baciriwe imyaka 20 yogufungwa umwe nawe akaba yejejwe. Murabo benshi bakaba arabasirikare bakuru bakuru bahoze mu gisoda ca kera FAB (Forces Armées Burundaises) abandi akaba ari ababaye abarongozi bakuru mu mugambwe UPRONA.

Bakaba bagirizwa igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye itariki 21 gitugutu 1993. Uwo mukuru w’igihugu akaba yagandaguwe n’abamufasha gutwara igihugu harimwo n’umukuru w’Inama Nshingamateka.

Abasoda bato bato bakaba aribo bari bafashwe m’urubanza rwambere munyuma baca bararekurwa co kimwe n’abaciye birara mu banyagihugu barasasika inganda. Abo nabo bakaba baciye barekurwa inyuma yaho hateweko umukono amasezerano ya Arusha mu mwaka w’i 2000. Izo manza bakaba baciye baziha umurwi ujejwe kumenya ukuri no gusubiza hamwe CVR.

Ivyo bikaba bitashimishije ababuze ababo kubona abagandaguye abantu baja hamwe bagahana ikigongwe. Urubanza rukaba rugiye kuvyuka mu mwaka wa 2019 aho abasirikare bakuru bakuru bo mu gisirikare ca kera bagumye m’Uburundi baciye bafatwa bajanwa gufungwa mu mabohero atandukanye. Ababuze ababo mu ntureka yaciye yaduka nabone bakaba bariko barasaba ko ababahekuye ko bofatwa bagacibwa imanza.

Uwo yahoze arongoye Uburundi Major Pierre Buyoya akaba atari m’Uburundi akaba akorera isharahamwe ry’Ubumwe ry’Afrika aho ariserukira mu bihugu vy’Afrika biri mu karere Sahel. Mwomenya ko kur’uyu wa gatatu itariki 21 gitugutu 2020 abarundi bibuka imyaka 27 icungu ya demokarasi Melchior Ndadaye agandaguwe.