“Urubanza naciriwe rushingiye ku mvo za politike gusa’, Pierre Buyoya

0

Inyuma y’aho reta y’i Gitega iciriye urubaza rw’umunyororo wo guherayo uwahoze arongoye Uburundi, Pierre Buyoya, uwo yaciriwe urubanza hamwe nabo bagirizanywa ico caha, bavuze ko urwo rubanza ‘rwabayemwo uguhengama cane’.

Mu rwandiko Petero Buyoya na bagenziwe bavuga ko urwo rubanza ‘rushingiye ku mvo za politike gusa’.

Buyoya na bagenziwe bavuga ko urwo rubanza ruciwe inyuma y’intureka z’ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza hamwe n’izindi ziriko ziraba ku ntwaro y’uwamusubiriye mu ntumbero yo kubandanya bavyura indyane zishingiye kuri politike n’amoko.

Hari abariko bibaza kuki Petero Buyoya ataciriwe urubanza kera cane mu 1993 inyuma y’igandagurwa rya Ndadaye Melchior na rirya Buyoya yamaze ikiringo ari mu Burundi kandi yidegemvya, bamwe bakibaza impamvu ataciye afatwa ico gihe.

https://twitter.com/NGENDAKURIYOAu3/status/1318848251131551747?s=20 

Buyoya na bagenziwe baravuga kandi ko urwo rubanza rwaje guhonyanga ingingo zafunditswe mu masezerano ya Arusha ayavuga ko kuva mu 2000 reta y’Uburundi yokwirinda ico arico cose coza gitandukanya Uburundi n’abarundi ku mvo z’ubwoko umuntu akomokamwo.

Buyoya na bagenziwe baravuga impamvu zitari zike zerakana ko urwo rubanza baciriwe rwabayemwo akarenganyo hanini nk’uko biboneka ku nyandiko baciye basohora ziruhukira ku mbuga ngurukanabumenyi.