Uwahoze ari umushingamateka Fabien Banciryanino yashikanwe mw’ibohero rya Mpimba

0

Amakuru ariko araca ku mbuga ngurukana bumenyi avuga ko uwahoze ari umushingamateka mu ntara ya Bubanza, Fabien Banciryanino, yashikanwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba riri muri zone Musaga. Akaba yagirizwa kugumuka, guhungabanya umutekano n’uwinzego.

Mw’ikete yanditse ari mw’ibohero mu gipolisi kidasanzwe kijejwe gutohoza PSR yamenyesheje ko ariko arazira ivyo yavuze akiri umushingamateka mu kiringo c’umwaka wa 2015 gushika 2020. Ivyo navyo Fabien Banciryanino akavuga ko umushingamateka adashobora gukurikiranwa ku ciyumviro yashikirije mu gihe atarengeje urugero.

Fabien Banciryanino akavuga ko yari yitwariye umumenyeshamakuru yitwa Arthur Bizabishaka yari yavyuye iyo dosiye aca ashira amajwi kurubuga Youtube. Mugaba akaba aruyo yahoze ari umushingamateka yaciye atabwa mumvuto.