Prezida Ndayishimiye ntazokwitaba inama yahamagawe na Prezida Tshisekedi

0

Ivyo bikaba vyamenyeshejwe kumunota wanyuma aho iyo nama yari kuba kur’uyu wakane mu gihugu ca Republika Iharanira Demokarasi ya Congo. Iyo nama ikaba yatumweko na Prezida Felix Tshisekedi ikaba yarikwitabwa n’abakuru b’ibihugu vy’Uburundi, Rwanda, Ouganda, Angola, Tanzanie.

Iyo nama ikaba izoca ikorwa kubuhinga ngurukana bumenyi bita visio-conférence hamwe abakuru b’ibihugu babonanira kuri televisiyo. Iyo nama ikaba yari kwiga ivyerekeye umutekano ku mbibe zivyo bihugu hamwe n’ivyerekeye iterambere.

Presida Tsisekedi akaba yari yararungitse umushikiranganji wiwe w’Imigenderanire i Bujumbura kugira abonane n’abatwara Uburundi. Prezida Ndayishimiye akaba amaze kugira urugendo rumwe hanze y’igihugu hari igihe yaja mu gihugu ca Tanzaniya kubonana na Prezida Pombe John Magufuri. Bakaba bashitse ku masezerano yo guhana hana ubutare mbere bamwe bakavuga ko bashitse no kukibazo c’umutekano wo mu karere ibihugu vyabo birimwo.

Ivyo b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko bikaba bitoroshe kuko umwe wese afise igihugu kimushigikiye canke bifitaniye ubucuti budasanzwe mugihe ivyo bihugu bitandatu biri mu karere ka Afrika y’ubuseruko vyari vyagize umuryango umwe bise EAC.