Ikibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye kigiye gusubira kwakira indege z’ubudandaji

0

Ivyo bibaye inyuma yaho ico kibuga c’indege mpuzamakungu kuri mu gisagara ca Bujumbura cari cugawe ku mpamvu yo gukinga ikiza coronavirus cari cadutse kw’isi kivuye mu gihugu c’Ubushinwa gica gikwira Uburaya na Amerika. Iyo ngwara ikaba ica mu muyaga.

M’Uburundi hakaba haratevye haribonekeza umugwayi wa mbere wiyo ngwara ruhonyanganda. Niho rero abarongoye Uburundi baciye bafata iyo ngingo yo kugara imbibe z’Uburundi harimwo n’ikibuga c’indege bitiriye Melchior Ndadaye.

Ivyo bikaba bitoroheye ingenzi, amashirahamwe y’ubudandaji, amahoteli kuko ibikorwa vyinshi vyaciye bihagarara. Indege Ethiopian Airlines ikaba mu misi iheze yarasavye gusubira gukorera kurico kibuga ikaba yaciye ironka uruhusha rwo kwigenekerezo ryo kuwa 25 gitugutu 2020 ko yosubira kugwa kurico kibuga cindege eko agashika gatatu mu ndwi.