Abarundi baba muri America bahimbaje m’uburyo budasanzwe imyaka 55 iheze Uburundi buronse intahe y’ukwikukira.

0

Mu birori vy’uguhimbaza imyaka 55 iheze Uburundi buronse intahe y’ukwikukira, Abarundi batandukanye baba muri Leta zunze ubumwe za America barakoranye bahimbariza hamwe uwo musi udasanzwe wo kwigina intsinzi Uburundi bwaronse.

Ibi birori bisanzwe bihuza abarundi bose bava mu bisagara bitandukanye vyaha muri America , vyabereye mu gisagara ca ( Dallas, Texas ) aho abarundi bavyitabiriye biboneka ko bari benshi cane ndetse uravye n’ukuntu vyagenze bikaba vyararanzwe n’akanyamuneza kadasanzwe.

Mu majambo yahavugiwe uyo musi, abenshi bagarutse k’ukungene vyabanje kugorana kugira iyo ntahe yo kwikukira iboneke, basavye abarundi kwama bibuka no kuzirikana amakuba imboneza zacu zaciyemwo kugira zihabuze Intahe y’Ukwikukira, ikindi naco nuko basavye abarundi aho bari hose ko bokwirinda ico cose coshaka kuducashinamwo kuko twese turi bamwe.

UBM News tubibutse ko ivyo birori vyari vyitabiriwe n’abarundi batandukanye, abarongozi bamashirahamwe hamwe nabigeze guhabwa umwanya ukomeye muri Leta y’Uburundi aho twovuga nka Alphonse-Marie Kadege yigeze kuba icegera c’umukuru w’igihugu mu 2003.

Muri bamwe twashoboye kubonaho uwo musi, hariho umukobwa aheruka gutorwa nka Miss Burundi -USA ” junelle Nimenya, umurongozi wa Baho Inc, Samwel Ndayiragiye, uwurongoye iNDUNDI hamwe na GLM ( Pasteur Bagenzi) uwusanzwe arongoye ikiganiro ” The SYUB SHOW ” Steven Biko Raphael , uwusanzwe arongoye Reunion257 ( Annie Irankunda ) umurongozi mukuru w’ikinyamakuru UBM News ” Eric Nyandwi hamwe n’abandi benshi.

Aya namwe mu mafoto y’ukuntu ibintu vyose vyagenze.


Annie Irankunda umurongozi wa Reunion257, Eric Nyandwi’ umurongozi wa UBM News, Samuel Ndayiragiye ‘ umurongozi wa Baho, Wilson Kubwayo hamwe na Alex Nahimana asanzwe ari muburongozi bwishirahamwe BDI.