Monday, September 26, 2022
HomeInternational newsKoreya Ya Ruguru Yarashe Igisasu Gishobora Gushikira Alaska Imwe Mu...

Koreya Ya Ruguru Yarashe Igisasu Gishobora Gushikira Alaska Imwe Mu Maleta Ya Amerika.

Kuri uyu musi wa kabiri,igihugu ca Korea ya Ruguru cagerageje ikigwanisho co mu bwoko bwa “missile” gishobora gutandukira imigabane “intercontinental ballistic missile” (ICBM).

Nkuko inkuru yaciye kuri televiziyo ya Koreya ya Ruguru ibimenyesha, ubuyobozi bwa Koreya ya Ruguru bwatangaje ko iyo missile ifise ubushobozi bwo kugenda igashikira iyindi migabane y’isi(Inter-Continental ballistic Missile, ICBM). Iyi ikaba ari intambwe ikozwe mu mugambi wayo wo kubandanya itera ubwoba Leta Zunze Ubumwe za Amerika.


Iyi missile yarashwe irabishwa mu kirere cane aho ico kigwanisho cashitse ku 2802 km mu kirere, kigira urugendo rwa 933km imbere yuko kigwa mu kiyaga, ariko harabwe umwanya n’uburebure bw’amaduga yamaze igenda, abihweza ibintu n’ibindi bakaba basanze ishobora kugenda ibirometero 6,700. Aha ikaba ishobora gushikira imwe mu maleta agize Leta Zunze Ubumwe za Amerika ariyo Alaska mu gihe yoba itewe mu buryo busanzwe.

Amerika yavuze ko iyo “missile” yaguye mu kiyaga ca Japon ku munsi wa kabiri idashika kure cane, ko ata bwoba yotera Amerika ya Ruguru.Itangazo ryaciye kuri televiziyo ya Korea ya Ruguru ryavuze ko “missile” yo mu bwoko bwa Hwasong-14, yageragejwe ku munsi wa kabiri, igikogwa cari gihagarariwe na Kim Jong-un.

Itangazo rya Televiziyo ya Koreya ya Ruguru KCNA ryavuze ko Korea ya Ruguru “yinjiye mu bihugu vy’ibihangange bifise ibigwanisho vya “nucléaire” bishobora gukubita ikintu canke ahantu ku mugabane uwariwo wose kw’isi”.Ivyo bigiye gutuma ico gihugu kitagitinya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, kikanashobora gukingira akarere kose ka Korea, niko iryo tangazo rivuga.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...