Urwanda rwemeye irimwa ry’urumogi rwo mu bwoko bwa cannabis

0

Iyo ngingo ikaba yafashwe n’inama nshikiranganji yakoranye kur’uyu wa 12 gitugutu 2020. Hakazorimwa urumogi rwo gukoresha m’ubuvuzi, ivyo biterwa bikazohora bijanwa gushorerwa hanze y’igihugu c’Urwanda.

Iryo soko ubu rikaba rizana amahera menshi y’agaciro ku bihugu vyamaze kwemera irimwo ry’urumogi ruri mu bwoko bwa cannabis na marijuana. Iyo soko rikaba ririmwo amahera angana imilialidi 66,3 y’amahera y’abanyamerika kwisi yose, ibiharuro bitangwa n’ikigo Grand View Research.

Ariko kunwa urwo rumogi bikaba bihanwa cane mu gihugu c’Urwanda gushika k’umunyororo wo guherayo. Ubwo burimyi nabwo ngo buzokorwa n’amashirahamwe azwi yahawe uruhusha.

Ibihugu nka Lesotho, Zimbabwe, Afrique du Sud, Ouganda, Zambie, Ghana, Eswatini, et  Malawi, Seychelles, Maroc, Nigeria na Mozambique bikaba biriko biriga ingene ico giterwa corimwa biciye mu mategeko kugira kizane amafaranga yagaciro.