Amnesty International isaba irekurwa rya Fabien Banciryanino

0

Ishirahamwe Mpuzamakungu riri mu yaharanira agateka ka zina muntu rivuga ko uwahoze ari umushingamateka mu Burundi kuva 2015-2020, Fabien Banciryanino, ko yorekurwa ata kirinze gusabwa.

Fabien Banciryanino akaba yinjijwe ibohero rikuru rya Mpimba yagirizwa guhungabanya umutekano w’umukuru w’igihugu hamwe no kuvuga amajamabo atabereye ku mukuru w’igihugu yariho ico gihe, Petero Nkurunziza.

Ishirahamwe Amnesty International rikaba risaba ko reta y’i Gitega yorekura uwo yahoze ari umushingamateka w’Uburundi kubera ko biboneka ko yahowe ‘ukuvugisha ukuri’.

Amnesty International ikavuga ko kuba reta ya Ndayishimiye yafunze uwo yahoze avugisha ukuri kandi adatinya vyerekana ko reta yiwe ‘ata gahengwe izoha abantu bavugisha ukuri kandi ata bwoba’.

Fabien Banciryanino akaba yahoze ari umuntu avuga adatinya. Nko mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka, Banciryanino akaba yariyamirije ko ‘uwahoze ari umukuru w’igihugu ico gihe, Petero Nkurunziza.