Umuhari usaba Leta ya Gitega gutanguza ibiganiro kugira amahoro aboneke kare

0

Ivyo bivugwa na Patrick Nahimana, umuvugizi w’uwo muhari Red Tabara, akabivuga mu gihe Let aya Gitega ititavye inama yahuza abakuru b’ibihugu vyo mu karere arivyo RDC, Rwanda, Ouganda na Angola. Abo bakuru b’ivyo bihugu bakaba baganiriye barabana ku mbuga ngurukana bumenyi.

Nkuko bivugwa na Patrick Nahimana, abo bakuru b’ibihugu bakaba barasavye igihugu c’Uburundi kureka gushigikira imigwi igwanya ibindi bihugu cane cane Urwanda. Prezida Ndayishimiye akaba atitavye ivyo biganiro, akaba yamenyesheje ko ivyo bari kuvugana babivuganye n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Congo aheruka kugendera Uburundi.

 Patrick Nahimana akavuga ko bafise inguvu zo kugondoza Leta ya Gitega kuja mu biganiro ati mugabo ibiganiro bitanguye vuba Uburundi vyo bwungukamwo.

Ivyo bivugwa na Patrick Nahimana, umuvugizi w’uwo muhari Red Tabara, akabivuga mu gihe Let aya Gitega ititavye inama yahuza abakuru b’ibihugu vyo mu karere arivyo RDC, Rwanda, Ouganda na Angola. Abo bakuru b’ivyo bihugu bakaba baganiriye barabana ku mbuga ngurukana bumenyi.

Nkuko bivugwa na Patrick Nahimana, abo bakuru b’ibihugu bakaba barasavye igihugu c’Uburundi kureka gushigikira imigwi igwanya ibindi bihugu cane cane Urwanda. Prezida Ndayishimiye akaba atitavye ivyo biganiro, akaba yamenyesheje ko ivyo bari kuvugana babivuganye n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Congo aheruka kugendera Uburundi.

Patrick Nahimana akavuga ko bafise inguvu zo kugondoza Leta ya Gitega kuja mu biganiro ati mugabo ibiganiro bitanguye vuba Uburundi vyo bwungukamwo. Uwo muhari ukavuga ko uharanira iyubahirizwa ry’amasezerano ya Arusha.