Urwanda rwahaye Leta y-uburundi abarwanyi 19 ba Red-Tabara baheruka gufatirwa mw-ico gihugu.

0

Leta y-urwanda yashikirije kuri uyu wa 30 Mukakaro  igihugu c-uburundi abarwanyi  19 b-umuhari Red-Tabara baheruka gufatirwa mw-ishamba rya Nyungwe mu mwaka w-2020 inyuma yaho bari bavuye mu ntara ya Kayanza gukora igitero.Image

Ico gikorwa co gushikiriza abo barwanyi kuri Leta y-uburundi cabereye ku mupaka wa Gasenyi Nemba ugabura ivyo bihugu kwari bibiri. Abakozi b-ishirahamwe CIRGL bahurikiye mu murwi wa EJVM hamwe n-abarongoye iperereza mu gisirikare c-uburundi hamwe n-ic-urwanda bakaba bari bahishikiye.  Ibirwanisho vyafatanywe abo barwanyi bigizwe n-inkoho 17 zo mu bwoko bwa Kalashinikove , mitarayeze imwe, Motorola zibiri, amasase atari make vyaciye bishikirizwa igisirikare c-uburundi.

Leta y-uburundi ibicishije ku muvugizi w-umukuru w-igihugu Evelyne Butoyi imenyesha ko yashimye igikorwa cakozwe na Leta y-urwanda. Ariko rero, Leta y-urwanda irasabwa na Perezida Ndayishimiye ko yokora nk-uko mu kubarungika abagirizwa  kugomba gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 Rusama 2015. Ivyo Perezida Varisito Ndayishimiye yabivugiye mu nama  y-abakuru b-ibihugu n-ama Leta bigize umuryango wa Afrika yo hagati CEEAC yabereye ku buhinga ngurukanabumenyi.