Abari biteguye kuza gukoresha ibiteramo bavuye mu Rwanda bankiwe na Leta y-uburundi.

0

Mu nama yakoresheje indongozi zo mu gihugu cose kuri uyu wa kane ku murwa mukuru wa poritike w-I Gitega, Umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu , iterambere rusangi n-umutekano yamenyesheje ko ata muntu aza gukubita umuziki mu Burundi avuye mu gihugu c-urwanda kandi iwabo biyugaranye munyuma bace bazanira abarundi ikiza  ca Covid-19.May be an image of 4 people and text

ˮNta muntu tuzokwemerera mu Burundi azoza gukubita umuziki avuye I Rwanda kandi biyugaranye ngo batuzanire akarambaraye‟ Niko umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yatomoreye abari bitavye iyo nama I Gitega.  Abo bari biteguye kuza guteramisha abarundi bo mu gihugu kibanyi c-urwanda boje I Burundi mw-ukwezi kuza kwa Myandagaro ku ma genekerezo atandutakanye. Abo  nabo ni Israel Mbonyi akunzwe cane mu ndirimbo zo guhimbaza Imana bita Gospel, Bruce Melodie asanzwe aririmba indirimbo zisanzwe hamwe n-umukinyi w-amareresi magufi yo gutwenza benshi bazi kw-izina rya Ndimbati.

Abakunzi b-ivyo bihangange mu muziki hamwe no gutwenza  twaganiriye bamenyesha ko  bakiranye umubabaro mwinshi  ingingo yafashwe n-ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu yo kubabuza kuza mu Burundi kubw-imvo za Covid-19 . kubwabo, babona ko insiguro zitangwa n-umushikiranganji Gervais Ndirakobuca zidatahuritse na gatoya kuko vyobaye ngombwa ko baza mu gihugu c-uburundi babanje kwipimisha umugera wa covid-19 iwabo ndetse bakongera bagapimwa bashitse I Burundi. Ahubwo bibaza ko ari icuka kimaze igihe hagati y-ivyo bihugu bibanyi kwari bibiri coba  kitararangira neza naho vyaboneka ko hari hatanguye kuza umwizero wuko ivyo bihugu bihaye bisubiza hamwe.