Inyuma yaho akuriwe mu mahiganwa ya Olympiques ariko abera I Tokyo mu buyapani mu kwiruka imetero 5000 , Umunonotsi Francine Niyonsaba yashikirije ubutumwa ku bakunzi biwe abicishije ku mbuga ngurukanabumenyi akoresha.
Francine Niyonsaba yavuze ati :ˮ Nagerageje ukwo nshoboye kandi nahimbawe kuko narinziko nabandanije ariko nyuma yaho namenyeye ko ntakibandanije , ntakwo ntakoze kugira iyo ngingo isubirwemwo kuko nabona ko ikosa ritari ryamvuyeko ariko ntivyakunze kuko ingingo yari yamaze gufatwa . Naho vyagenze ukwo, ntibica intege kuko ata kintu na kimwe compagarika , kuko ikiza cose kimpagarika ahubwo kimpa inguvukugira nze ngaruke nkomeye. Rero, muze mumbe hafi munshigikire igihe nzokwiruka ku birometero cumi. Ndabakunda mwese‟
Tubamenyeshe ko Francine Niyonsaba mu birutse kuri uyu wa gatanu imetero 5000, yabaye uwa kane mukwirukanga iminota 14 n-amasegonda 56. Mugabo akaba atakibandanije mw-ayo mahiganwa bitewe n-uko yirutse inyuma y-umurongo bita ˮCouloir‟ atari rwiwe. Uwo munonotsi w-umurundikazi akaba asigaje kwiruka ku kirere c-ibirometero cumi, azoba ari kw-igenekerezo rya 07 Myandagaro 2021.
Recent Comments