Urwanda ruvuga iki ku gisabo c’Uburundi co gutahukana abagirizwa ivyaha bari i Kigali?

0

Inyuma yaho umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, avugiye ko Uburundi butazobana neza n’Urwanda kubera ico gihugu nyene kibitse abashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015, igihugu c’Urwanda cagize ico kivuga.

Urwanda rubicishije ku mushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Vincent Biruta, yamenyesheje Jeune Afrique ko naho Uburundi busaba ko abakoze amabi bari mu Rwanda borungikwa mu Burundi ‘atari inyishu y’ikibazo’.

‘Kubona Uburundi buvuga ivyo gutanga abagirizwa gukora amabi bita ko bari mu Rwanda mbona atari inyishu nziza y’ikibazo kihari”, niko Biruta Vincent yameneysheje.

Biruta asa n’uwishuye ku majambo yasubiwemwo kenshi na Evariste Ndayishimiye ko atazobona n’ibihugu vyiyorobeka.

“Mwese murabizi kandi ko Urwanda arirwo ruri intambamyi, n’ikimenyamenya n’uko abakoze amabi mu 2015 ubu babitswe mu gihugu c’Urwanda”, niko Ndayishimiye Evariste yavuze.

Vincent Biruta nawe aca amera n’uwishura Ndayishimiye ko Uburundi nabwo bwakoze ibitero mu Bumanuko bw’Urwanda.

Biruta aranavuga ko mbere imirwi y’Abarundi yateye mu bumanuko bw’Urwanda bafise imfungurwa zifungurwa n’abasirikare b’Uburundi.