Donald Trump avuga ko ‘we n’umutambukanyi wiwe banduye umugera wa Coronavirus’

0

Mu majambo we nyene yiyandikiye ku rubuga rwa Twitter, umukuru w’igihugu ca reta zunze ubunwe za Amerika, Donald Trump yamenyesheje ko we n’umutambukanyi wiwe, Melania Trump banduye ca kiza c’umugera wa Coronavirus.

Donald Trump akamenyesha ko we n’umutambukanyi wiwe bazoca baja ukwa bonyene(quarantaine) gushika batoye aka mitende.

Mu makuru kandi ashirwa ahabona akavuga ko kubera ari umukuru w’igihugu azoguma mu kirimba ciwe arico Maison Blanche gushika atoye aka mitende.

Umuganga wo muri Maison Blanche akavuga ko ‘Donald Trump azobandanya imirimo yiwe ari umukuru w’igihuhugu’ mu kurindira ko atora.

Inkuru ya Trump kubon yanduye Covid-19 ikaba yatangaje hafi isi yose na rirya uwo mutegetsi ata gaciro kanini yashira mu kurwanya kino kiza.