Fabien Banciryanino, ‘intwari ihangana na CNDD-FDD’ yahagaritswe

0

Fabien Banciryanino, ya ntwari ihangana na CNDD-FDD, yaraye mu gasho ku mvo wewe avuga ko atazi.

Banciryanino akaba yatowe muhira iwe nimodoka irimwo abajejwe umutekano maze atwarwa muri PCR.

Urwandiko ruri ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Twitter rwerekana Banciryanino ariko yiyamiriza ikinyanakuru citwa Burundi Bwacu Online gikorera kuri YouTube.

Banciryanino yiyamiriza ivyo ico kinyamakuru cavuze kimwambika ibara ko ‘yashize isoni umukuru w’igihugu c’Uburundi’.

Banciryanino arazwi kandi ko yahoze avugira hejuru ivyo Abarundi bamwe bamwe babona ko batovugira ahagaragara ariko wewe akabivugira ku mugaragaro ivyatumye bamwe bamwe bamwita ‘intwari’.

Mwe mubona yorenganurwa uwo mushingamateka Fabien Banciryanino?