Urwanda rufise umugambi wo kuva muri CIRGL bivuye ku mpari n’Uburundi.

0

Urwanda rubicishije ku mushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, rwamenyesheje ko rufise umugambi wo kuva w’Ishirahamwe rihurikiyemwo ibihgu vy’ibiyaga binini(Conférence internationale sur la région des Grands Lacs ( CIRGL )),kubera ukuvyura ‘amakenga ku kuntu iryo shirahamwe rikora hamwe no kurwanya umutekano muke mu bihugu vy’ibiyaga binini’.

CIRGL ikaba igizwe n’ibihugu 12 : Rwanda, Burundi, Congo-Brazzaville, RD Congo, République centrafricaine, Kenya, Soudan, Soudan du Sud, Tanzanie, Ouganda, Zambie na Angola.

CIRGL ikaba ifise icicario gikuru i Bujumbura mu Burundi, igihugu gisanzwe gifitaniye imigenderanire mibi cane n’Urwanda kuva mu mwaka wa 2015 Petero Nkurunziza atowe ngo yongere gutwara ikindi kiringo cabayemwo impari.

Urwanda rukaba rwagiriza CIRGL kunanirwa no kwagiriza Uburundi kuba bwarabitse abarwanyi ba FDRL bava muri Congo bakaza guhungira mu Brundi mu kwifatanya n’urwaruka rwo mumugambwe uri ku butegtesi aruwro Imbonerakure.

Umurwi w’abarwanyi FDRL ukaba urwanya leta ya Paul Kagame, kandi bamwe mu bari muri uyo murwi bakaba baronderwa na leta y’Urwanda kubera uruhara bagirizwa kugira mw’ihomyabwoko ryabaye mu rwanda mu mwaka wa 1994.