Urunani Kira-Burundi narwo rwavutse ku bw’amatora yo muri Rusama 2020

0

Urunani rushasha rw’abatavuga rumwe na leta y’Uburundi, Kira-Burundi, rwavutse kugira ruzoje mu matora y’umukuru w’igihugu yitezwe kuba muri uyu mwaka wa 2020 muri Rusama itariki 20.

Urwo runani rushasha Kira-Burundi rugizwe n’imigambwe nka CDP irongowe na Anicet Niyonkuru, Urunani rw’imigambwe Ranac, Fedes-Sangira, na Pajude.

Urwo runani rushasha ruhagarariwe uko biboneka na Aloys Baricako na Anicet Niyonkuru rushira imbere icivugo kivuga ko ‘Gushira inguvu hamwe bizana ububasha(l’Union fait la force),ko batahuye ko kuja hamwe vyotuma bashika kuri vyinshi’.

Urwo runani kandi rukamenyesha ko kuja hamwe bizotuma habaho ivyo ‘gusangira ubutegetsi hagati yabo’.

Urwo runani Kira-Burundi rukaba ruhamagarira abandi banyepolitike n’imigambwe yabo ko yokwiyunga narwo mu matora yo muri Rusama ku wa 20, 2020.

Ku bijanye n’umukandida wabo azoshirwa imbere, urwo runani rwamenyesheje ko azomenyekana ‘vuba’ kugira Abarundi bamumenye.