Leta yadugije igiciro c’ikawa

0

Ico giciro cavuye kuri 500 Fbu kija kuri 550 Fbu ku kawa y’akanovera kambere bita cerise A, ku kanovera kari musi y’iyo kawa bita cerise B, igiciro cavuye kuri 250 Fbu gishika kuri 275 Fbu. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umushikiranganji w’Uburimyi n’Ubworozi, Dr Deo Guide Rurema, aho ni mugihe yariko arugurura isekeza ryo kwimbura no kugurisha ikawa m’uruyu mwaka wa 2020. Ico gikorwa akaba yakiranguriye muri komine Murwi mu ntara ya Cibitoke kur’uyu wa kane. Akaba yarikumwe n’umuyobozi mukuru w’ikigo ODECO casubiriye ARFIC kigiye gufata mu minwe irimwa n’igurwa n’idandazwa ry’ikawa m’Uburundi.

Abarimyi b’ikawa bari baje kwitaba ico gikorwa bakaba bameneysheje ko ico giciro c’ikawa ari gito cane kidatuma bikenura uravye kubarima ibindi biterwa bizana amafaranga menshi, umwe akaba yatanze akarorrero kubarimye ibiyoba aho ikiro kigeze kuri 3500 Fbu. Bagasaba ko ico giciro c’ikawa coduzwa kandi.

Umushikiranganji Deo Guide Rurema akaba yamenyesheje abo barimyi ko mu gihe cose Leta izoronka akunguko igiye gushora iyo kawa hanze ko umurimyi azoca yongezwa agashahara kandi naho Leta izosanga igiciro mpuzamakungu cakorotse igiciro kizoguma ari cakindi nyene kitazomanuka kumunyagihugu. Arasaba abarimyi gushiramwo mu mirima y’ikawa ibiterwa bibana n’ikawa bace babikoresha no mu kuyisasira. Deo Guide Rurema amenyesha kandi ko ihembwe rizokwama riba mu kwezi kwagatanu no mu kwezi k’umunani atagisivya, ko umurimyi atazosubira guheranwa agahembo.