Urunani Amizero Y’abarundi Ruvuga Ko Abanywanyi 60 Barwo Bafunzwe Bazira Akarenganyo.

0

Urunani rwa politike ruri mu Nama Nshingamatweka, Amizero y’abarundi, rwatanganje kuwa 29 Ntwarante 2017 ko abanywanyi barwo bapfunzwe barenganijwe hagati ya 20 na 26 ntwarante 2017. Urwo runani rukaba rwagiriza Igendereza Ry’Uburundi ko riri inyuma yiryo hagarikwa hamwe n’abapolisi ko bagira uruhara mw’ako karenganyo gakorerwa abo banywanyi.

Pierre Celestin Ndikumana, uwuhagarariye urwo runani amizero y’abarundi mu Nama Nshingamateka avuga ko abo bahagarikwa bikorwa na SNR hamwe n’imisore iri mu mugambwe uri kubutegetsi imbonerakure.

Abandanya yagiriza urwaruka rw’imbonerakure ko rwigira nk’abapolisi mu kwikika mu kiza. Ndikumana akavuga ko abategetsi bamwe bo muri leta hamwe nabategetsi bo mu butungane bagira uruhara mw’iryo hagarikwa.

“Turababajwe nuko ubutungane bukoreshwa nabi mu guhagarika abanywanyi bacu biciye ku makuru atariyo”, niko Ndikumana avuga.

Urunani Amizero y’Abarundi rwavutse muri Munyonyo 2014 biciye kuwahora atwara Umugambwe FNL Agathon Rwasa n’uwatwara UPRONA Charles Nditije inyuma yaho birukaniwe mu burongozi bw’imigambwe yabo na leta. Muri Ruheshi 2015, Urunani Amizero y’Abarundi rwaronse intebe 21 ku ntebe 100 mu Nama Nshingamateka.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Therance Ntahiraja, arahakana ivyo birego vyose bivugwa n’Urunani Amizero y’Abaraundi. Akavuga ko abatera akajagari badahagarikwa hisunzwe imigambwe bavamwo.

“ Igihe inkozi z’ibibi zihagaritswe, zirashirwa imbere y’ubutungane hama zigacirwa urubanza hisunzwe amategeko, biratangaje kubona abatu bavuga ko ari uguhotera abantu igihe hahagaritswe abanywanyi ba Rwasa”, niko Ntahiraja avuga.

Umuvugizi mu mugambwe CNDD-FDD nawe arahakana ivyo vyagiriji vyegekwa ku mbonerekure. Avuga ko Umugambwe CNDD-FDD ubana neza niyindi migambwe.

Ku bwa Armel Niyongere, uwuburanira agateka ka zina muntu, igipolisi kirakenewe kgira gikingire umutekano w’abanyagihugu. Akavuga ko ivyo Urunani Amizero Y’Abarundi ruvuga biza bihura n’amakuru ashirwa ahabona n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu hamwe na ONU ku Burundi.

Armel Niyongere akavuga ko ‘ivyo vyerekana ko agateka ka zina muntu kariko kabangamirwa.N’ikivyunyura, Ubutungane bw’Uburundi burakoreshwa mu guhohotera abadashigikiye ubutegetsi buhari ubu’, niko Armel Niyongere avuga.

Urunani rw’abacamanza baserukira amashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike rwatangaje kuwa 28 Ntwarante ko rwaronse uburenganzira bwo kwitwarira leta y’uburundi muri Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI) kugira ibazwe ku gahohotero kagiye karakorwa.