Imigenderanire Hagati ya Amerika n’Uburusiya Si Myiza Nkuko Vyari Vyitezwe

0

Ubutegetsi bwa Donald Trump wa Amerika burabandanya gusatira Uburusiya, ku bijanye n’ingendo yabwo ku gihugu ca Ukraine. Ivyo vyatangajwe n’Umushikiranganji ajejwe imingederanire ya Amerika n’ayandi makungu, Rex Tillerson, mu nama yarimwo kur’uyu wa gatanu, ya OTAN, i Bruxelles mu Bubirigi.

Tillerson yagirije Uburusiya ko bwarengeye akarimbi Ukraine. Yabwiye kandi bagenzi we bahurikiye mw’ishirahamwe OTAN ko gukorera hamwe bizofasha mu gikorwa co guhagarika intureka ziterwa n’Uburusiya muri Ukraine.

Imvugo ya Tillerson kur’uyu wa gatanu ikaba yar’inyuranye n’iyo yakorersheje mu minsi yahera, inyuma y’umubonano yari yagiranye n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburusiya, Sergei Lavrov. Tillerson yari yatangaje ko Amerika yipfuza kwumvikana n’Uburusiya kubijanye n’amasezerano ari hagati ya Ukraine n’Uburusiya.

Rex Tillerson, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu wa Amerika

Nikki Haley, aserukira Amerika muri ONU nawe nyene yaratunze urutoke Uburusiya ku bijanye n’ibitero vyayo muri Ukraine. Uwundi yagirije Uburusiya ni Jim Mattis, umushikiranganji w’umutekano wa Amerika.

Alexey Pushkov, umushingamateka m’Uburusiya, yatangaje k’urubuga rwiwe rwa twitter ko atanezerejwe n’ivyashikirijwe n’abategetsi ba Amerika. Mbere akavuga ko Reta nshasha ya Amerika ataho itaniye n’iyahahora.

Ivyo bikaba bihindutse bukwi na bukwi mu gihe Donald Trump yari ashigikiwe cane n’Uburusiya igihe yatorwa kandi Putin akaba yari yaramushimiye, ariko Ubutegetsi bwa Trump bwatanguye kudacana uwaka hamwe n’Uburusiya.