Urumuri rw’amahoro ruzotangura itariki 15/9/2020

0

Urugendo rw’amahoro rugira 14 ruzotangurira muri mairie ya Bujumbura itariki 15/9/2020 rusozerwe itariki 26/9/2020. Urwo rumuri rukazozunguruka mu ntara z’Uburundi, icivugo c’uyu mwaka akaba ari :’’ Turikumwe twese twubake u Burundi bw’umuco. Umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, akaba ariwe azokugurura urwo rygendo. Urwo rugendo rukaba rwatangujwe na Petero Nkurunziza, yahoze arongoye Uburundi.

Urwo rugendo rubaye mu gihe mu gihugu c’Uburundi havugwa imirwi igwana, abanyagihugu barenga 20 bakaba bamaze kwitaba Imana, abandi nabo baraburwa irengero abandi barafungwa abandi bararekurwa mu makomine ya Mugamba, Mukike, Bugarama, Bukeye no mu ntara ya Bubanza.