Banki y’isi yose yemeye gutanga miliyoni 600 $ bwa mfashanyo y’Uburundi

0

Mu mubonano umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye yagiranye n’uwuserukira Banki y’isi yose, haremejwe ko iyo banki igiye guha Uburundi imfashanyo mu kiringo c’imyaka itatu.

Iyo mfashanyo ya Banque Mondiale ikaba ingana na miliyoni 600 y amadolari ya Amerika(nka miliyaridi hafi 2000 mu mafaranga y’amarundi).

Ndayishimiye akaba yavuze ko ubu Uburundi bwiteguriye gutera imbere mu kibano no mu butunzi.

“Ubu igihugu c’Uburundi kiratekanye, ni kwihutira kwiteza imbere mu vy’imibano n’ubutunzi bikenewe”, niko Ndayishimiye yabwiye uwo aserukira Banki y isi yose.

Iyo mfashanyo ije inyuma yaho iyo banki y isi yose iheruka guha reta y Uburundi imfashanyo ya miliyoni 5 USD ku bwo kurwanya ikiza ca Coronavirus.

Abihweza ibintu barabona ko Ndayishimiye azokora ibitandukanye na Sogokuru wiwe ku bijanye n imigenderanire nayandi makungu.