Abarimyi b’ipampa b’i Bubanza baridoga

0

Kuva mu kwezi kw’umunani 2020, ishirahamwe COGERCO ririma ipampa ntirirariha abarimyi b’ipampa barishoye aho muriryo hinguriro riri mu ntara ya Bubanza. Abo barimyi bakaba batumva igituma batarihwa narirya bageze mu gihe co kugura ibikoresho vy’abanyeshure.

Benshi mur’abo barimyi bakaba bavuga ko batagira ibikoresho vy’ishure nabikeya kuko bari bizeye ko iryo shirahamwe ribariha hakiri kare. Ariko iryo shirahamwe rikaba ryatanze gusa udupapuro twerekana amahera abo barimyi bazoronka bivanye n’ibiro bazanye.

Gustave Majambere, arongoye iryo shirahamwe arahumuriza abo barimyi akavuga ko bazoronswa agahembo kabo mur’uku kwezi. Igiterwa c’ipampa akaba ari muri bimwe bizana amahera y’agaciro m’Uburundi iruhande y’’icayi n’ikawa. Ariko iryo pampa ntirikozanira amafaranga y’agaciro Uburundi nkuko bikwiye nkuko bimenyeshwa n’iryo shirahamwe COGERCO. Ivyo rero bikaba bica intege abarimyi bico giterwa bashobora guca batangura kurima ibindi biterwa.