Uruhusha rwo kwinjira m’Uburundi rwahagaritswe

0

Ivyo nivyavuzwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Ezechiel Nibigira, mu nama yagirishije abaserukira ibihugu vyabo m’Uburundi kur’uyu wa kane arikumwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya SIDA, Dr Thaddée Ndikumana. Hari muntumbero yo kuhana ivyiyumviro mu kurwanya ikiza kibangamiye isi coronavirus.

Ezéchiel Nibigira yamenyesheje ko nubwo bahagaritse gutanga visas kubaje m’Uburundi imigendaranire ibandanye hagati y’Uburundi nayandi makungu.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Muganga Thaddée Ndikumana, nawe akaba yamenyesheje ko abandandaza bazana ibidandaza bidakorerwa aha m’Uburundi ko bazobaha izo visas zo kwinjira m’Uburundi kugira abantu ntibabure imiti canke ibindi bidandazwa vya nkenegwa.

Muganga Thaddée Ndikumana yamenyesheje ko atamugwayi wa coronavirus aribonekeza m’Uburundi kandi ko abaganga atari bake bamaze guhabwa inyigisho yingene iyo ngwara ipimwa yandukira kuyivura no kuyikinga. Umushikiranganji w’amagara y’abantu akavuga ko imipaka yose iriko abapima iyo ngwara kandi ko abavuye mu bihugu bigwiriyemwo iyo ndwara baca bajanwa kuvugwa ahabonyene.