#Coronavirus: Ingenzi zivuye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza na Australia zigiye gushikizwa ukwa zonyene

0

Ingenzi zivuye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza na Australia zigiye gushikizwa ukwa zonyene mu ntumbero yo gukinga ko ikiza ca Coronavirus cinjira mu gihugu c’Uburundi.

Gushika ubu, nta muntu numwe aragaragara ko arwaye ikiza c’umugera wa Coronavirus naho hari ingingo ziriko zifatwa kugira hakingwe abantu.

“Guhera ku wa kabiri itariki 17 Ntwarante 2020, abafata ingendo bava mu gihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza na Australia bagiye gushikizwa ukwa zonyene mu kumara imisi 14 kugira hakingwe ikiza ntigikwiragire mu Burundi”, niko umushikiranganji w’amagara y’Abantu Thadee Ndikumana yavuze.

Leta y’Uburundi ikaba yari imaze gufata ingingo yo gushira ukwabo(mise en quarantaine) abashika ku 261 harimwo abanyamahanga n’abanyeshure baje bava mu gihugu c’Urwanda.

Ndikumana akavuga ko vyoba vyiza Abarundi bihojeje kuramukanya mu gukorana mu maboko, ugusomana hamwe no kuyumbirana hamwe no kwirinda kuja mu bihugu bimaze kugaragaramwo ico kiza ca Coronavirus.

Ibihugu vyo muri EAC bimaze kubamwo abantu barwaye Coronavirus cane n’ico kiza ni Igihugu c’Urwanda(abantu 8), Kenya na Tanzania( abantu batatu).