‘Coronavirus ntizohagarika amatora mu Burundi’, niko umuvugizi wa Leta avuga.

0

Umuvugizi wa leya y’Uburundi, Prosper Ntahorwamiye, yaremesheje Uburundi n’amakungu ko naho hateye ikiza ca Coronvirus mwisi yose, ko ico kiza kitazotuma amatora yigizwa imbere mu Burundi.

Prosper Ntahorwaiye akaba yabimenyesheje emu kiganiro n’abavugizie b’inzego za leta cabaye uyu musi mu ntara ya Cibitoki, mu burengereo bushira uburaruko bw’Uburundi.

“Gushika ubu, nta kiza c’ingwara ya Coronavirus kiribonekeza mu gihugu c’Uburundi, kandi amatora yitezwe ku wa 20 Rusama 2020 ntazosiba canke ngo yigizwe inyuma”, niko Ntahorwamiye yabwiye Abarundi n’amakungu.

Ikiza ca Coronavirus kiraraje ishinga isi yose ku buryo bw’uko amashirahamwe akomeye cane kw’isi ariko arahomba kubera iki kiza cateye mw’isi.