Urudandaza rwa magendu rw’ibitenge rurabandanya

0

Abapolisi batandatu nibo berekanywe kur’uyu wa gatanu n’umuvugizi w’igipolisi bakaba bagirizwa kuba bakorana nabinjiza ibitenge m’Uburundi mu mpisho. Ibitenge navyo birenga 1000 bikaba vyafashwe n’igipolisi c’Uburundi.

Mwomenya ko ishirahamwe AFRITEXTIL ariryo ryonyene rikora ibitenge m’Uburundi, rikaba ryasubiriye ishirahamwe COTEBU ryari mu minwe ya Leta. Ishirahamwe AFRITEXTIL naryo rikaba ririmwo imitahe y’umugwizatunga w’umwarabu yavukiye i Burundi mu ntara ya Gitega ariwe Taluku na mwene wabo, bakaba harimwo n’imitahe mu bihangange m’ubutegetsi nkuko amakuru menshi avyemeza.

Abo banyamitahe bakaba rero bashaka gukingira isoko ryabo rigume ariryabo ariko umuguze wewe akarondera kwihitiramwo ibitenge vyiza. Ishirahamwe AFRITEXTIL akaba ata kumenyekanisha ibitenge vyayo rikora cane kugira abaguzi biyumvemwo igitenge c’Iburundi.